Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 91

Uwuba mu bwugamo bw’Iyisumbavyose

azokwama ari mu gitutu c’Iyishoboravyose.

Nzobwira Uhoraho nti: “Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,

uri Imana yanje nizigira.”

Ni ukuri azogukiza

umutego w’umutezi

n’ikiza gihonya.

Azokubundikiriza amoya yiwe,

kandi uzohungira musi y’amababa yiwe;

ubwizigirwa bwiwe ni bwo buzokubera inkinzo n’icuma gikingira igikiriza.

Ntuzotinya ibiteye ubwoba mw’ijoro,

canke umwampi urashwe ku murango,

canke ikiza gitera mu mwijima,

canke icago gihonya mu mashoka.

Abantu igihumbi bazogwa i ruhande yawe,

ibihumbi cumi i buryo bwawe,

ariko ntibizokwegera.

Ariko uzobibonesha amaso yawe

kandi uzokwibonera uguhanwa kw’abanyakibi.

Niwavuga uti: “Uhoraho ni we buhungiro bwanje,”

Iyisumbavyose ukayigira ahantu hawe ho kuba,

nta kibi kizogukorako,

nta cago kizokwegera ihema ryawe.

Kuko azotegeka abamarayika biwe

ngo bakuzigame mu nzira zawe zose;

bazokurerura mu maboko yabo,

kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.

Uzokandagira intambwe n’imvuvyi;

uzosiribanga intare ikomeye n’ikiyoka.

“Kuko yankunze,” ni ko Uhoraho avuze, “nzomukiza,

nzomukingira, kuko yamenye zina ryanje.

Niyanyambaza, nanje nzomwishura;

nzobana na we mu magorwa,

nzomukiza ndamuhe icubahiro.

Nzomuhaza kuramba,

ndamwereke agakiza kanje.”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.