Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 57

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni mikitani ya Dawidi. Aho yari aheje guhunga Sawuli akaja mw’isenga.

Ngirira akagongwe, Mana yanje, ngirira akagongwe,

kuko muri wewe ari ho mpungiye.

Nzohungira mu gitutu c’amababa yawe

kugeza icago kirenganye.

Ndatakambira Imana Musumbavyose,

Imana izoshitsa imigambi yayo myiza kuri jewe.

Izondungikira ugutabarwa kuva mw’ijuru maze inkize,

ineshe abampigana ishavu;

Imana izorungika urukundo rwayo n’ukwizigirwa kwayo.

Ndi hagati y’intambwe;

hagati y’ibikoko vy’inkazi;

abantu bafise amenyo ameze nk’amacumu n’imyampi,

indimi zabo zikamera nk’inkota zikarishe.

Nushirwe hejuru, ewe Mana, hejuru y’amajuru;

icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.

Bateze umutego mu nzira ncamwo;

nciwe intege n’akabonge.

Banyimbiye icobo mu nzira yanje;

ariko ni bo bakiguyemwo ubwabo.

Umutima wanje urashikamye, ewe Mana,

umutima wanje urashikamye;

nzoririmba ncurarange.

Mutima wanje, niwikangure!

Ewe nanga nawe kembe, nimwikangure!

Nzovyura umutwenzi.

Ewe Mana, nzoguhimbaza mu moko menshi;

nzokuririmba ndi mu mahanga.

Kuko urukundo rwawe ari rwinshi, rushika no mu majuru;

ubwizigirwa bwawe bushika no mu birere.

Nushirwe hejuru, Ewe Mana, hejuru y’amajuru;

icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.