Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 58

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni mikitamu ya Dawidi.

Mbega batware muvuga ivy’ukuri koko?

Mbega mucira abantu imanza mudahengamye?

Oya, mu mitima yanyu mutumbereye ikibi,

kandi amaboko yanyu yakoze ivy’umuryano kw’isi.

No kuva bakivuka abanyakibi barazimiye;

kuva mu nda za ba nyina babandanije inzira zabo zo kubesha.

Ubumara bwabo ni nk’ubumara bw’inzoka,

ni nk’ubwo incira itumva yizivye amatwi,

itumva amajwi y’uwuyigunda,

naho yoba ari umuhinga yabimogoreye gute.

Vunagura amenyo yo mu kanwa kabo, ewe Mana;

Uhoraho, menagura imibangabanga y’izo ntambwe!

Nibakamangane nk’amazi asheshwe kw’isi igadutse;

nibafora umuheto, imyampi yabo ntishike kure.

Nibabe nk’igifyera kigenda kirayonga,

nk’inda ikorotse itigeze ibona izuba.

Imbere y’uko inkono zanyu zumva ubushuhe bw’amahwa yaka;

yaba ay’umye canke mabisi;

abanyakibi bazogurukanwa n’igihuhusi.

Abagororotsi bazonezerwa niwabahora,

nibadibika ibirenge vyabo mu maraso y’abanyakibi.

Abantu bazovuga bati:

“Ni ukuri abagororotsi bahawe ingero;

ni ukuri hari Imana icira amateka isi.”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.