Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 56
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa “Inuma iri ku Kivumu nca kure.” Ni mikitamu ya Dawidi. Ni igihe Abafilisitiya bari bamufatiye i Gati.
Ngirira imbabazi, Mana yanje,
kuko abansi banje bampiga cane;
barampiga bukarinda bwira.
Abangwanya barampiga bukarinda bwira;
ni benshi bampigana ubwibone bwabo.
Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.
Nshimira Imana ivyo yasezeranye.
Imana ni yo nizigira singire ubwoba.
Mbe abantu buntu bongira iki?
Bagoreka amajambo yanje bukarinda bwira;
nta kindi barota atari ukunyica.
Bagira inama, bakangenza,
bagenzura intambuko zanje,
bashaka kunyica.
Kubera ibibi vyabo ntubareke ngo bagende uko;
Mana, utsinde hasi amahanga mu burake bwawe.
Ibuka amagorwa yanje;
andika amosozi yanje mu gitabu cawe;
mbega ntiwayanditse?
Aho ni ho abansi banje bazosubira inyuma
ninatabaza.
Aho ni ho nzomenyera ko Imana iri mu ruhande rwanje.
Imana, iyo nshimira amajambo yayo,
Uhoraho, uwo mpimbaza ijambo ryiwe;
Imana ni yo nizigira maze singire ubwoba.
Mbega umuntu yoshobora kungira iki?
Naragusezeraniye Mana yanje;
nzogushikanira ikimazi c’ishimwe.
Kuko wantabaye ukankura mu rupfu
n’ibirenge vyanje ukabirinda gutsitara,
kugira ngo nze ngendere imbere y’Imana
mu muco w’ubugingo.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.