Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 53

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa mahalati. Ni masikili ya Dawidi.

Igipfu cibwira mu mutima kiti:

“Nta Mana iriho.”

Abantu nk’abo barononekaye, n’inzira zabo ni mbi;

nta wukora ivyiza, nta n’umwe.

Imana irunguruka iri mw’ijuru

ikitegereza abana b’abantu

ngo irabe ko hari n’umwe atahura,

ko hari n’umwe arondera Imana.

Bose barazimiye, bose barononekaye;

nta wukora ivyiza,

eka nta n’umwe.

Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi nta co bazi?

Barya abantu banje nk’abarya umutsima;

ntibigera bambaza Imana.

Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye,

kandi ata kintu na kimwe co kubatera ubwoba.

Imana izosanzaza amagufa y’abaguteye;

uzobamaramaza, kuko Imana yabakengereye.

Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni!

Aho Imana izogarukanira abantu bayo;

aba Yakobo baze banezerwe kandi Isirayeli ihimbarwe!

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.