Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 52
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni masikili ya Dawidi. Aho Dowegi Umunyedomu yari yagiye kwa Sawuli akamubwira ati: “Dawidi yagiye mu nzu kwa Ahimeleki.”
Ni kuki wirata ikibi, wa muhizi w’inkomezi?
Ni kuki wirata bukarinda bwira,
wa gatetereza mu nyonga z’Imana?
Wewe ukora ivy’ubugunge,
ururimi rwawe ruja inama yo kwica;
rumeze nk’urwembe rwakarihijwe.
Ukunda ikibi kukirutisha iciza,
ibinyoma ukabirutisha ukuvuga ukuri.
Ukunda ijambo ryose ryo kwonona,
ewe wa rurimi rw’ingunge!
Ni ukuri Imana izogushitsako uguhona kw’ibihe bidashira:
izoguhonyanga igukwege igukure mw’ihema ryawe;
izokurandura igukure mw’isi y’abazima.
Abagororotsi bazobiraba batinye;
bazogutwenga, bavuge bati:
“Ehe wa muntu
atigeze agira Imana ubuhungiro
ariko yishimiye ubutunzi bwiwe bwinshi
agashirwa hejuru n’uko yishe abandi!”
Ariko jeho ndi nk’igiti c’umwelayo
gishurikira mu nzu y’Imana;
nzokwizigira urukundo rw’Imana rudashira
ibihe vyose.
Nzokwama ndagushimira ivyo wakoze
ndi mu bizigirwa bawe.
Kandi nzokwizigira izina ryawe,
kuko izina ryawe ari ryiza.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.