Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 54

Yahawe umukuru w’abaririmvyi bavugira inanga. Ni masikili ya Dawidi. Ni igihe Abanyazifu bari bagiye kwa Sawuli bakavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje iwacu?”

Mana, nunkize ku bw’izina ryawe;

ngwanira ku bw’inkomezi zawe.

Mana, niwumve ugusenga kwanje;

niwumvirize amajambo y’akanwa kanje.

Abansi bibona baje kuntera;

abicanyi bagomba kunyica;

abantu batababaye Imana.

Ni ukuri Imana ni yo mutabazi wanje;

Uhoraho ni we anshigikira.

Ikibi nigisubire ku bamvuga nabi;

mu bwizigirwa bwawe nubasangangure.

Nzogushikanira ikimazi n’umutima ubikunze;

nzoshima izina ryawe, Uhoraho, kuko ari ryiza.

Wantabaye mu magorwa yanje yose,

kandi amaso yanje yiboneye ukuneshwa kw’abansi banje.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.