Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 29
Ni Zaburi ya Dawidi.
Nimwubahe Uhoraho, yemwe ngabo zo mw’ijuru,
mwubahe Imana kubera ubwiza bwayo n’inkomezi zayo.
Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryayo;
musenge Imana mu cubahiro c’ukwera kwayo.
Ijwi ry’Uhoraho ryumvikanira ku mazi menshi;
Imana y’ubwiza iraturagaye,
Imana ituragariye ku mazi menshi y’inkomezi.
Ijwi ry’Uhoraho riri n’inkomezi;
ijwi ry’Uhoraho riri n’icubahiro.
Ijwi ry’Uhoraho rivunagura amasederi;
Uhoraho ahindura ubunywenywe amasederi y’i Libani.
Atuma Libani hikina amatavu nk’inyana,
Siriyoni hakikina amatavu nk’inyana y’imbogo.
Ijwi ry’Uhoraho rirekura
ibikeke vy’imiravyo.
Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ubugaragwa;
Uhoraho anyiganyiza ubugaragwa bw’i Kadeshi.
Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ibiti bininibinini
rikambika ubusa amashamba.
Kandi mu Ngoro yiwe vyose bisemerera biti: “Ishimwe!”
Uhoraho avyagiye ku mwuzure;
Uhoraho avyagiye nk’Umwami ibihe bidashira.
Uhoraho aha abantu biwe inkomezi;
Uhoraho aha abantu biwe umugisha w’amahoro.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.