Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 30

Ni Zaburi. Ni indirimbo ya Dawidi yo gushikiriza Uhoraho Ingoro.

Nzogushira hejuru, Uhoraho,

kuko wanshize hejuru unkuye mu kinogo kirekire,

ntiwandeka ngo abansi banje banshinyagurire.

Uhoraho Mana yanje, naragutakambiye,

na we urankiza.

Ni wewe, Uhoraho, wankuye ahantu h’abapfuye;

warandinze ngo simanuke nja muri rwa rwobo.

Nimuririmbire Uhoraho amashimwe, yemwe abizigirwa biwe;

muhimbaze izina ryiwe ryera.

Kuko uburake bwiwe bumara akanya gato,

ariko ukugira neza kwiwe kugumaho ubuzima bwose;

ukurira kwomara ijoro ryose,

ariko mu gitondo hakaba impundu.

Igihe nari ntekaniwe naravuze nti:

“Sinzonyiganyizwa.”

Uhoraho, igihe wangirira neza,

watumye umusozi w’ubwami bwanje ushikama;

ariko aho wahisha mu nyonga hawe,

nishwe n’ubwoba.

Narakwambaje, ewe Uhoraho;

natabaje Uhoraho Umwami wanje nti:

“Uzokwunguka iki ninapfa,

ninamanuka nkaja muri rwa rwobo?

Mbega umukungugu uzoguhimbaza?

Canke uzokwamamaza ukwizigirwa kwawe?

Nunyumve, ewe Uhoraho, ungirire imbabazi;

Uhoraho we, umbere umutabazi.”

Wahinduye ugucura intimba kwanje ukuvyina;

wanyambuye igunira unyambika impuzu y’umunezero,

kugira ngo umutima wanje uririmbe amashimwe urudaca.

Uhoraho Mana yanje, nzogushima ibihe bidashira.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.