Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 28

Ni iya Dawidi.

Ni wewe, Uhoraho ntakambiye;

ni wewe Gitandara canje,

ntiwime amatwi ugusenga kwanje.

Kuko niwihoza,

nzomera nk’abamanuka baja mu cobo.

Niwumve ugutakamba kwanje

igihe cose ngutabaje,

uko ntarika ibiganza vyanje

ndabirabisha Ahera Cane.

Ntunjaniranye n’abanyakibi,

hamwe n’abakora ibibi,

bavugana ivyiza na bagenzi babo

ariko bafise imigambi mibi mu mitima yabo.

Ubahe ingero ikwiranye n’ibikorwa vyabo,

n’ibikorwa bibi vyabo;

ubishure ku vyo amaboko yabo yakoze,

ubasubirize mu nkoko ibikwiranye na bo.

Kubera batababaye ibikorwa vy’Uhoraho

n’ivyakozwe n’ukuboko kwiwe,

azobatsinda hasi

ntiyongere kububaka.

Uhoraho ashimwe,

kuko yumvise ugutakamba kwanje.

Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje;

umutima wanje uramwizigira, na we akantabara.

Umutima wanje witerera hejuru kubera umunezero,

nanje nzomushimisha indirimbo yanje.

Uhoraho ni inkomezi z’abantu biwe,

igihome c’agakiza ku wo yarobanuje amavuta.

Tabara ubwoko bwawe uhe umugisha umugabane wawe;

ubabere umwungere, ubaheke ibihe bidashira.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.