Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 25

Ni iya Dawidi.

Muri wewe, Uhoraho Mana yanje,

ni ho nshira ivyizigiro vyanje.

Ndakwizigiye;

ntundeke ngo maramare,

ntureke ngo abansi banje baneshe.

Nta wukwizigiye

azokwigera amaramara,

ariko abahemuka ata nyanduruko

ni bo bazomaramara.

Nyereka inzira zawe, ewe Uhoraho,

unyigishe kubaho uko ugomba.

Ndongorera mu kuri kwawe unyigishe,

kuko uri Imana Umukiza wanje,

kandi ni wewe nizigira bukarinda bwira.

Niwibuke, Uhoraho, imbabazi zawe nyinshi n’urukundo rwawe,

kuko biriho uhereye kera hose.

Ntiwibuke ivyaha vyo mu buto bwanje

n’inzira zanje z’ubugarariji;

nyibuka ku bw’urukundo rwawe,

kuko wewe, Uhoraho, uri mwiza.

Uhoraho ni mwiza aragororotse;

ni co gituma azokwigisha abanyavyaha inzira ziwe.

Arongorera abaciye bugufi mu nzira itunganye

akabigisha ivy’inzira yiwe.

Inzira zose z’Uhoraho zerekana urukundo n’ubwizigirwa

ku bitondera ivyo yihanikirije mw’isezerano ryiwe.

Uhoraho, ku bw’izina ryawe,

mparira ukugabitanya kwanje, naho ari ugukomeye.

None, ni ba nde bubaha Uhoraho?

Azobereka inzira bakwiye kujana.

Bazomara imisi yabo bari mu buhirwe,

kandi uruvyaro rwabo ruzoragwa igihugu.

Uhoraho abwira ibanga ryiwe abamwubaha;

akabamenyesha isezerano ryiwe.

Amaso yanje ndayahanga Uhoraho ibihe vyose,

kuko ari we wenyene azokura ibirenge vyanje mu mutego.

Hindukira ungirire ubuntu,

kuko ndi inyakamwe nkaba ndi mu mubabaro.

Kuraho amarushwa yo mu mutima wanje,

unkure mu mubabaro.

Raba umubabaro wanje n’amarushwa yanje

kandi unkureko ivyaha vyanje vyose.

Raba ingene abansi banje ari benshi

n’ukuntu banyanka urunuka!

Zigama ubugingo bwanje unkize;

ntundeke ngo maramare,

kuko nguhungiyeko.

Ugutungana n’ubugororotsi nibinzigame,

kuko ivyizigiro vyanje biri muri wewe, Uhoraho.

Rokora Isirayeli, ewe Mana,

ubakure mu marushwa yabo yose!

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.