Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 24
Ni Zaburi ya Dawidi.
Isi ni iy’Uhoraho, n’ibiri muri yo vyose,
isi n’ababa muri yo bose;
kuko yashize amatanguriro yayo ku biyaga
akayishinga ku mazi menshi.
Ni nde azoduga umusozi w’Uhoraho?
Ni nde azohagarara ahera hiwe?
Ni uwufise amaboko atanduye n’umutima utunganye,
atizigira ikigirwamana
canke ngo arahire imana z’ibinyoma.
Uwo ni we azohabwa umugisha uva k’Uhoraho
no kuburanirwa n’Imana Umukiza wiwe.
Urwo ni rwo runganwe rw’abamurondera,
bakarondera mu nyonga hawe, ewe Mana ya Yakobo.
Nimwiyugurure, yemwe marembo;
nimwiyugurure, mwa nzugi z’ibihe vya kera,
kugira ngo Umwami w’ubwiza yinjire.
Uwo mwami w’ubwiza ni nde?
Ni Uhoraho umunyenkomezi kandi umunyabushobozi,
ni Uhoraho umuhizi mu ntambara.
Nimwiyugurure, yemwe marembo;
nimwiyugurure, yemwe nzugi z’ibihe vya kera,
kugira ngo Umwami w’ubwiza yinjire.
Uwo Mwami w’ubwiza ni nde?
Ni Uhoraho Mushoboravyose;
ni we Mwami w’ubwiza.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.