Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 139

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni Zaburi.

Uhoraho we, waransuzumye,

ugirako uramenya.

Urazi iyicara ryanje n’iva hasi ryanje;

umenyera kure ivyo niyumvira.

Umenya iyo ngendagenda n’iyo ndyamye;

umenyereye inzira zanje zose.

Ijambo ritarashika ku rurimi rwanje

wewe, Uhoraho, uba warimenye ido n’ido.

Unkikuje imbere n’inyuma,

kandi unshizeko ikiganza cawe.

Ukumenya bene uko ni igitangaza kuri jewe,

gushika kure aho ntoshika.

Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe?

Noja he ngo mpunge mu nyonga hawe?

Noja mw’ijuru, ni ho uri;

nokwubaka uburiri bwanje i bwina, ni yo uri.

Nova hasi nkaja ku mababa y’umutwenzi,

noja kuba hirya kure hakurya y’ikiyaga,

naho nyene ikiganza cawe cohandongorera,

ukuboko kwawe kw’i buryo kwoncakira.

Novuga nti: “Ni ukuri umwijima ugiye kumpisha

n’umuco uhinduke ijoro ahankikuje,”

n’umwijima na wo nyene ntiwoba umwijima kuri wewe;

ijoro rizokayangana nk’umurango,

umwijima na wo ni nk’umuco kuri wewe.

Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;

wanteranirije mu nda ya mama;

Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;

ivyo ukora biratangaje,

ivyo ndabizi neza.

Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe

igihe naremerwa mw’ibanga,

igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.

Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;

imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe

imbere yuko habaho n’umwe.

Ese ukungene ivyiyumviro vyawe ari ivy’igiciro, ewe Mana!

Ese ukungene ari vyinshi!

Nobiharura,

vyoruta umusenyi;

iyo nikanguye, nsanga nkiri kumwe na we.

Ese icompa akaba ari wewe wenyene, ewe Mana, wica abanyakibi!

Mva i ruhande mwa binywamaraso mwe!

Bakuvugako ibibi;

abansi bawe bakoresha nabi izina ryawe.

Mbega sinanka abakwanka, ga yewe Uhoraho,

kandi sinkengera abakugarariza?

Nta kindi mfise atari urwanko ndabanka;

ndababona nk’abansi banje.

Nsesa, ewe Mana, umenye umutima wanje;

ungeze umenye ivyiyumviro vyanje.

Raba ko hoba hari inzira y’icaha iri muri jewe,

kugira ngo undongorere mu nzira y’ibihe bidashira.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.