Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 140

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni aburi ya Dawidi.

Ntabara, Uhoraho, unkize inkozi z’ibibi;

undinde abanyamuryano,

bagira imigambi mibi mu mitima yabo

bakavyura intambara imisi yose.

Indimi zabo bazisongora nk’iz’inzoka;

ubumara bw’inzoka buri mu kanwa kabo.

Uhoraho, undinde amaboko y’abanyakibi;

undinde abanyamuryano,

bagira imigabo yo kuntsinda hasi.

Abibone banteze umutego wo mu mpisho;

bamaze gutega insenga zabo

no gushinga imitego yabo mu nzira ncamwo.

Ndabwira Uhoraho nti: “Uri Imana yanje.”

Uhoraho, niwumve ugutakamba kwanje.

Uhoraho Nyeninganji, mutabazi wanje w’inkomezi,

wambika inkinzo umutwe wanje ku musi w’intambara.

Uhoraho, ntuhe abanyakibi ivyo bipfuza;

ntureke ngo imigambi yabo ishirwe mu ngiro.

Abankikuje bazunguza imitwe yabo mu bwibone;

amajambo mabi y’akanwa kabo abasubire ku mitwe.

Amakara yaka asukwe ku mitwe yabo;

nibatererwe mu muriro,

batererwe mu vyobo vy’amazi, ntibigere bavayo.

Abavuga abandi nabi ntibagume mu gihugu;

ivyago nibihige abantu b’umuryano.

Ndazi ko Uhoraho aburanira abakene

agakiranira aboro.

Ni ukuri abagororotsi bazohimbaza izina ryawe,

kandi abatunganye bazoba mu nyonga zawe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.