Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 138

Ni iya Dawidi.

Uhoraho, nzoguhimbaza n’umutima wanje wose;

imbere “y’ibigirwamana” nzokuririmbira ishimwe.

Nzokwunama ntumbereye Ingoro yawe yera,

maze mpimbaze izina ryawe

kubera urukundo rwawe rudashira n’ukwizigirwa kwawe,

kuko washize hejuru izina ryawe n’ijambo ryawe

ubirutisha ibindi bintu vyose.

Igihe nahamagara, waranyishuye;

maze urandemesha mu kunyongera inkomezi.

Abami bose bo kw’isi nibaguhimbaze, Uhoraho,

nibumva ivyo washinze.

Baze baririmbe ivy’inzira z’Uhoraho,

kuko icubahiro c’Uhoraho gihambaye.

Naho Uhoraho ashizwe hejuru, ararabana ubugwaneza abaciye bugufi;

naho ari uwuhambaye, ababonera kure.

Naho ngendera hagati y’amarushwa,

uzigama ubugingo bwanje;

uramvurira ukuboko kwawe kugwanya abangwanya;

unkirisha ukuboko kwawe kw’i buryo.

Uhoraho azoshitsa ivyo yasezeranye ku bugingo bwanje;

urukundo rwawe, Uhoraho, rwamaho ibihe vyose;

ntuhebe ibikorwa vy’intoke zawe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.