Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 12
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Sheminite. Ni Zaburi ya Dawidi.
Tabara, ewe Uhoraho, kuko ata mwizigirwa agisigaye;
abizigirwa baheze mu bantu.
Umuntu wese ahenda mugenziwe;
bahendanisha iminwa yabo
ariko imitima yabo yuzuye ubugunge.
Icompa Uhoraho akazibiza iminwa ihendana
n’ururimi rwose rwishira hejuru.
Bavuga bati:
“Tuzotsinda ku bw’indimi zacu;
iminwa yacu ubwacu ni yo izotuburanira; ni nde atuganza?”
Ariko Uhoraho avuze ati:
“Kubera abakene banyazwe ivyabo n’abagorwa baniha,
ngira mve hasi ndabakize ababasuzugura.”
Kandi amajambo y’Uhoraho ni ay’ukuri,
nk’ifeza zavugutiwe mu ruganda,
nk’inzahabu zavugutiwe incuro indwi.
Ewe, Uhoraho, uzozigama umugorwa amahoro,
kandi uzoturinda umunyakibi ibihe vyose.
Abantu nk’abo bigenza ahantu hose
iyo ikibi cahawe intebe mu bantu.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.