Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 13

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

Uzogeza ryari, ewe Uhoraho? Mbega uzonyibagira ibihe bidashira?

Uzogeza ryari kumpisha mu nyonga hawe?

Nzogeza ryari kwama ngwana n’ivyiyumviro vyanje

no kwama mfise umubabaro wo mu mutima ku musi ku musi?

Umwansi wanje azogeza ryari kunyitamba ku muvyimba?

Ndaba maze unyishure, ewe Uhoraho Mana yanje.

Umurikire amaso yanje, kugira ngo sinsinzirire mu rupfu,

maze umwansi wanje akavuga ati: “Ndamunesheje,”

abangwanya bakanezerezwa n’uko ntevye.

Ariko nizigiye urukundo rwawe rudashira;

umutima wanje unezerererwa agakiza kawe.

Nzoririmba ishimwe ry’Uhoraho,

kuko yangiriye neza.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.