Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 11
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.
Uhoraho ni we mpungirako.
None ni kuki mwombwira muti:
“Guruka uhungire ku musozi nk’inyoni kugira ngo ukire!
Kuko raba abanyakibi bafoye imiheto yabo;
batumbereje imyampi yabo
ngo barasire mu mwijima
uwutunganye mu mutima.
Nimba amatanguriro asambuwe,
mbega umugororotsi yokora iki?”
Uhoraho ari mu Ngoro yiwe yera;
Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami yo mw’ijuru.
Araba abantu bose bari mw’isi;
inyonga ziwe zirabagenzura.
Uhoraho agenzura abagororotsi,
ariko abanyakibi, bamwe bakunda umuryano,
abanka urunuka.
Abanyakibi azobacukumburirako
amakara arurumba n’amazuku yaka umuriro;
umuyaga uturira ni wo uzoba umugabane wabo.
Kuko Uhoraho agororotse,
akunda ubutungane;
abatunganye bazobona mu nyonga hiwe.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.