Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 111
Himbaza Uhoraho.
Nzohimbaza Uhoraho n’umutima wanje wose
ndi mw’ikoraniro ry’abatunganye no mu bantu benshi.
Ibikorwa vy’Uhoraho birahambaye;
biserangurwa n’ababinezerererwa.
Ivyo akora birakayangana kandi bifise icubahiro,
kandi ukugororoka kwiwe kwamaho ibihe bidashira.
Yatumye ibitangaza vyiwe vyibukwa;
Uhoraho ni umunyabuntu kandi agira imbabazi.
Ategekanya ivyokurya ku bamwubaha;
yibuka isezerano ryiwe ibihe vyose.
Yeretse abantu biwe inkomezi z’ibikorwa vyiwe,
mu kubegurira igihugu cari ic’ayandi mahanga.
Ibikorwa vy’intoke ziwe ni ivyo kwizigirwa kandi biratunganye;
ivyo yihanikirije vyose ni ivyo kwizigirwa.
Bihora bihamye ibihe vyose,
kandi bishinzwe mu kwizigirwa no mu gutungana.
Yateguye gucungurwa ku bantu biwe;
yashizeho isezerano ryiwe ry’ibihe vyose;
izina ryiwe ni iryera kandi riteye ubwoba.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge;
kandi abitondera ivyo yihanikirije bafise ugutahura gushitse.
Uguhimbazwa kube ukwiwe ibihe vyose.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.