Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 112

Himbaza Uhoraho.

Hahiriwe abubaha Uhoraho,

bakanezerererwa amabwirizwa yiwe.

Abana babo bazoba abanyenkomezi mu gihugu;

urunganwe rw’abatunganye ruzogira umugisha.

Ubutunzi n’ibitayega biri mu mazu yabo,

kandi ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira.

No mu mwijima umuco uzotambika ku batunganye,

ku banyabuntu buzuye imbabazi bagororoka.

Ni vyiza ko umuntu agira ubuntu akagurana abandi,

akadandaza mu kuri.

Ni ukuri abagororotsi ntibazokwigera banyiganyizwa;

bazokwibukwa ibihe vyose.

Ntibazotinya inkuru mbi;

imitima yabo irashikamye, kuko bizigiye Uhoraho.

Imitima yabo iri amahoro, ntibazotinya;

kw’iherezo bazokwibonera ukuneshwa kw’abansi babo.

Batanze isabagire ku bakene,

ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira;

ihembe ryabo rizoshirwa hejuru mu cubahiro.

Abanyakibi bazobibona bababare,

bazohekenya amenyo baherengetere;

ivyo abanyakibi bipfuza nta co bizoshikako.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.