Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 110

Ni Zaburi ya Dawidi.

Uhoraho yabariye umwami wanje ati:

“Icara i buryo bwanje

kugeza abansi bawe bose

ndabashize musi y’ibirenge vyawe.”

Uhoraho azokuza icumu ry’ubugabe ryawe rihambaye kuva i Siyoni, avuga ati:

“Ganza hagati y’abansi bawe!”

Ingabo zawe zizoba zifise ugushaka

ku musi wawe w’intambara.

Bashazishije ukwera,

imisore yawe izoza aho uri

imeze nk’ikime co mu gitondo ka kare.

Uhoraho ararahiye,

kandi ntazohindura ico yavuze:

“Uri umuherezi w’ibihe bidashira,

mu buryo bwa Melekisedeki.”

Uhoraho ari i buryo bwawe;

azomenagura abami ku musi w’uburake bwiwe.

Azocira urubanza amahanga, arundanye imivyimba

amenagure abatware bo kw’isi yose.

Azonywa ku mugezi w’iruhande y’inzira,

uko ni ko azoraramura umutwe wiwe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.