Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Indirimbo 6

Abagenzi

Umukunzi wawe yagiye hehe,

yewe mugore urusha abandi bagore ubwiza?

Umukunzi wawe yajanye iyihe nzira,

kugira ngo tugufashe kumurondera?

Umugeni

Umukunzi wanje yamanutse mu murima wiwe,

ahari ibimota neza vyiwe,

kuragira mu mirima,

no kwamura amashurwe.

Ndi uw’umukunzi wanje n’umukunzi wanje ni uwanje;

aragira mu mashurwe.

Umukwe

Uri mwiza, mukunzi wanje, nk’igisagara c’i Tiriza,

uri uw’igikundiro nk’i Yerusalemu,

uteye ubwoba nk’ingabo zifise amabendera.

Hindukira ureke kundaba;

kuko amaso yawe andengeye.

Umushatsi wawe ni nk’umukuku w’impene

umanuka uva i Gileyadi.

Amenyo yawe yera nk’umukuku w’intama

zamowe ubwoya, ziduga zivuye kwoga.

Imwe yose yonsa amahasa,

nta n’imwe iri yonyene.

Amatama yawe ari mu mwitwikiro wawe

ameze nk’ibice vy’ikomamanga.

Abamikazi naho boba mirongo itandatu,

n’incoreke zikaba mirongo umunani,

n’inkumi zirenze igitigiri;

ariko inanuma wanje, uwutagira agatosi, arisa,

ni umukobwa umwe kuri nyina,

ni umukundwa cane ku wamuvyaye.

Abaguranokazi baramubonye bamwita umuhirwe;

abamikazi n’incoreke baramuhimbaza.

Abagenzi

Urya ni nde aserutse nk’umutwenzi,

mwiza nk’ukwezi, akayagana nk’izuba,

akayangana nk’inyenyeri?

Umukwe

Namanutse nja mu biti vy’imirinzi

ngo ndabe imivyaro yo mu kiyaya,

ngo ndabe ko uruzabibu rwatotahaye,

n’amakomamanga ko yashuritse.

Ariko ntarabimenya,

ivyipfuzo vyanje vyantwaye ku mikogote y’umwami w’abantu banje.

Abagenzi

Garuka, garuka, wa Munyashulamukazi we;

garuka, garuka, kugira ngo tukwihweze!

Umukwe

Ni igiki cotuma mwihweza Umunyashulamukazi

nko mu gihe co gutamba c’i Mahanayimu?

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.