Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 96

Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nshasha;

yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho.

Muririmbire Uhoraho muhimbaze izina ryiwe,

mwamamaze agakiza kiwe uko bukeye.

Muvuge ivy’icubahiro ciwe mu mahanga yose,

n’ibitangaza yakoze mu moko yose.

Kuko Uhoraho ahambaye kandi abereye gushimwa;

akwiye kwubahwa kuruta ibigirwamana vyose.

Kuko imana zose z’amahanga ari ibigirwamana,

ariko Uhoraho yaremye amajuru.

Ubwiza n’icubahiro biri imbere yiwe;

inkomezi n’igikundiro biri mu ngoro yiwe.

Nimwemere Uhoraho, yemwe miryango yose yo mu mahanga,

mwemere ko Uhoraho afise icubahiro n’inkomezi.

Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryiwe;

muzane ishikanwa mushike mu birimba vyiwe.

Musenge Uhoraho muri mu bwiza bw’ukwera kwiwe;

yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe.

Mwamamaze mu mahanga muti: “Uhoraho araganje.”

Isi irashimangiye, ntishobora kunyiganyizwa;

azocira amahanga imanza zibereye.

Ijuru nirinezerwe, isi nihimbarwe;

ikiyaga nikibomborane, n’ibiri muri co vyose.

Imisozi yose ninezerwe, n’ibiri muri yo vyose;

ibiti vyose vyo mw’ishamba nibiririmbishwe n’umunezero.

Ivyaremwe vyose nibinezererwe imbere y’Uhoraho, kuko aje,

aje gucira isi urubanza.

Azocira abari mw’isi imanza mu bugororotsi

N’amahanga azoyacira imanza mu kuri kwiwe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.