Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 95
Nimuze turirimbire Uhoraho tunezerewe;
tuvugirize impundu Igitandara c’agakiza kacu.
Tuze mu nyonga hiwe tumushima
tumuririmbire tuvugira ibicurarangisho.
Kuko Uhoraho ari Imana ihambaye,
ni Umwami ahambaye asumba ibigirwamana vyose.
I bwina h’isi hari mu kuboko kwiwe,
n’udutwe tw’imisozi ni utwiwe.
Ikiyaga ni iciwe, kuko ni we yakiremye,
ibiganza vyiwe ni vyo vyabumye i musozi.
Nimuze, tumwunamire tumusenge,
dupfukame imbere y’Uhoraho Umuremyi wacu;
kuko ari we Mana yacu
natwe turi abantu yiragiriye,
umukuku yitayeho.
Uwu musi icompa mukumva ijwi ryiwe rivuga riti:
“Ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko mwayikomantarije i Meriba,
nk’uko mwabigize kuri urya musi i Masa mu bugaragwa,
aho ba sogokuruza banyu bangerageza
bakancaca, naho bari barabonye ivyo nakoze.
Nashavuriye urwo runganwe imyaka mirongo ine;
ndavuga nti: ‘Ni abantu bama bazimira mu mitima,
kandi ntibamenye inzira zanje.’
Ni co catumye ndahirana uburake nti:
‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nari narabateguriye.’ ”
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.