Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 85

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.

Uhoraho, wewe werekanye imbabazi ku gihugu cawe;

wagarukanye inyagano zo mu ba Yakobo.

Wahariye ukugabitanya kw’abantu bawe

utwikira ivyaha vyabo vyose.

Warigaruye uva mu burake bwawe

ureka ubushangashirwe bwawe bw’inkazi.

Subira utugarukane, ewe Mana Mukiza wacu,

udukureko ukuturakira waturakiye.

Mbega uzokwama uturakiye ibihe vyose?

Mbega uburake bwawe buzogumaho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana?

Mbega ntuzoduhembura,

kugira ngo abantu bawe bakunezerererwe?

Twereke urukundo rwawe rudashira, ewe Uhoraho,

uduhe agakiza kawe.

Nzokwumviriza ivyo Uhoraho Imana avuga;

yasezeraniye amahoro abantu biwe, abantu biwe bamwumvira;

ariko ntibasubire mu bupfu bwabo.

Ni ukuri agakiza kiwe kari hafi y’abamwubaha,

kugira ngo ubwiza bwiwe bugume mu gihugu cacu.

Urukundo n’ubwizigirwa birahuye;

ubugororotsi n’amahoro biragumbiranye.

Ubwizigirwa buratutuje buva mw’ivu,

ubugororotsi bumanutse buva mw’ijuru.

Uhoraho azotanga ivyiza vy’ukuri,

maze igihugu cacu kizokwera ivyimburwa vyaco.

Ukugororoka kumugiye imbere

kugira ngo kumutegurire inzira acamwo.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.