Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 84
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa Gititi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.
Ese ingene Ingoro yawe ari nziza,
Ewe Uhoraho Mushoboravyose!
Umutima wanje uraniha, unkabiraniyemwo
ku bwo gukumbura ibirimba vy’Uhoraho;
umutima wanje n’umubiri wanje
biratakambira Imana nzima.
Utunyoni na two twironkeye aho kuba,
n’intamba zironkeye icari,
aho gushira uduswi twazo;
i ruhande y’igicaniro cawe,
Uhoraho Mushoboravyose, Mwami wanje, Mana yanje.
Hahiriwe abibera mu nzu yawe;
bama baguhimbaza.
Hahiriwe abafise inkomezi muri wewe,
imitima yabo yama yiteguye kuja mu rugendo ruja i Siyoni.
Iyo baciye mu Mwonga wa Baka, bisigura “umwonga w’amarira”,
bahahindura ahantu h’amariba;
kandi n’imvura yo ku mutasuro iwambika imigisha.
Bagenda biyubura mu nkomezi nsha,
kugeza umwe wese ashitse imbere y’Imana i Siyoni.
Umva ugusenga kwanje, Uhoraho Mana Mushoboravyose;
ntega ugutwi, Mana ya Yakobo.
Raba wewe nkinzo yacu, ewe Mana;
raba ryiza uwo warobanuje amavuta.
Kumara umusi umwe mu birimba vyawe
biruta kumara imisi igihumbi ahandi;
nopfuma mba umurinzi w’irembo ry’inzu y’Imana yanje
hako mba mu mahema y’abanyakibi.
Kuko Uhoraho Imana ari izuba akaba n’inkinzo;
Uhoraho agira ubuntu agatanga icubahiro;
ntazogira iciza yima
abagenda batunganye.
Uhoraho Mushoboravyose,
hahiriwe uwukwizigira.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.