Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 80

Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ibirungu vy’Isezerano”. Ni iya Asafu.

Nutwumve, Mwungere wa Isirayeli,

wewe urongora aba Yosefu nk’umukuku.

Wewe uvyagiye hagati y’abakerubi,

kayangana imbere ya Efurayimu, Benyamini na Manase.

Vyuka mu nkomezi zawe;

nuze udukize.

Tugarukane, ewe Mana;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

Uzogeza ryari, Uhoraho Imana Mushoboravyose,

kuturakira

no gushiburira kure ugusenga kw’abantu bawe?

Wabagaburiye indya z’amosozi;

wabanywesheje ikiyaga c’amosozi.

Waduhinduye akamenyo mu bihugu bidukikije,

kandi abansi bacu baraducokora.

Tugarukane, ewe Mana Mushoboravyose;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

Wabatuye umuzabibu uwukuye muri Egiputa;

wirukana amahanga uraheza urawubadika.

Wawuteguriye aho kuwutera,

maze ushora imizi ukwira igihugu cose.

Imisozi yose yapfutswe n’igitutu cawo,

amashami yawo yapfutse amasederi maremare y’Imana

Amashami yawo yashitse no ku Kiyaga Mediterane,

imivyaro yawo ishika kuri rwa Ruzi.

Ni kuki wahomvoye inzitiro zawo

bigatuma abirenganira bamura inzabibu zawo?

Ingurube zo mw’ishamba zarawononye,

n’udukoko two ku misozi turawurisha.

Garuka aho turi, Mana Mushoboravyose!

Urunguruke uri mw’ijuru urabe!

Garuka witwararike uwo muzabibu wawe,

umuzi ukuboko kwawe kw’i buryo kwabaditse,

umwana wirereye ngo abe uwawe.

Umuzabibu wawe uciriwe hasi, utongowe n’umuriro;

ku bwo gukankama kwawe, abantu bawe barahonye.

Ukuboko kwawe ni kugume ku muntu ari i buryo bwawe,

ku mwana w’umuntu wirereye ngo abe uwawe.

Maze natwe ntituzokuvako;

duhembure, natwe tuzokwambaza izina ryawe.

Tugarukane, ewe Uhoraho Mana Mushoboravyose;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.