Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 79
Ni Zaburi ya Asafu.
Mana, amahanga yateye mu mugabane wawe;
bahumanije Ingoro yawe yera,
Yerusalemu bahahinduye umusaka.
Imivyimba y’abasavyi bawe
bayigaburiye ibisiga vyo mu kirere,
inyama z’abantu bawe bazigaburiye ibikoko vyo mw’ishamba.
Basheshe amaraso nk’amazi
hirya no hino i Yerusalemu,
kandi nta muntu asigaye wo guhamba abapfuye.
Ku babanyi bacu twahindutse akamenyo,
turacokorwa tugatukwa n’abadukikije.
Uzogeza ryari, ewe Uhoraho? Uzokwama uturakiye ibihe vyose?
Uburake bwawe buzotuziriringira kugeza ryari?
Suka uburake bwawe kuri ayo mahanga
atakwemera,
kuri ubwo bwami
butambaza izina ryawe;
Kuko batsontsomeye Yakobo
bagasambura igihugu ciwe.
Ntuduharureko ivyaha vya ba sogokuruza;
imbabazi zawe nizize zinyaruka aho turi,
kuko dukeneye gutabarwa.
Dufashe, Mana mukiza wacu,
ku bw’icubahiro c’izina ryawe;
dukize uduharire n’ivyaha vyacu
ku bwo’izina ryawe.
Ni kuki amahanga yobaza ati:
“Imana yabo iri hehe?”
Imbere y’amaso yacu, menyekanisha mu mahanga
ko uhora amaraso y’abasavyi bawe yasesetse.
Amaborogo y’imbohe nashike imbere yawe;
ukirishe ukuboko kwawe kw’inkomezi abagerewe gupfa.
Usubirize mu nkoko abadukikije incuro indwi
agacokoro bagucokoye, ewe Mana.
Maze twebwe abantu bawe, intama zo mu buragiro bwawe,
tuzoguhimbaza ibihe bidashira;
uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi
tuzokwamamaza ishimwe ryawe.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.