Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 75

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni Zaburi ya Asafu. Ni indirimbo.

Turaguhimbaza, Mana,

turaguhimbaza, kuko Izina ryawe riri hafi yacu;

ahantu hose abantu baganira ibitangaza wakoze.

Uravuga ngo: “Mu gihe nzoba nashinze,

nzoca imanza mu bugororotsi.

Igihe isi izohinda agashitsi n’abari kuri yo,

ni jewe nzofata inkingi zayo ndazikomeze.

Ku bibone ndavuga nti: ‘Ntimukirate,’

n’abanyakibi nti: ‘Ntimukaduze amahembe yanyu.

Ntimukaduze amahembe yanyu mw’ijuru;

ntimuvuge amajambo y’ubwibone.’ ”

Nta n’umwe wo mu buseruko canke mu burengero,

canke ava mu bugaragwa yoshobora kwishira hejuru.

Imana ni yo ica imanza:

icisha bugufi umwe, igashira hejuru uwundi.

Mu kuboko kw’Uhoraho hari igikombe

cuzuye umuvinyu ubiragira uturiranije;

arawusuka, maze abanyakibi bose bo kw’isi

bakawiranguza gushika no ku mvuzo.

Ariko jeho, nzokwamamaza ibi bintu ibihe bidashira;

nzoririmbira ishimwe ry’Imana ya Yakobo,

ni yo ivuga iti: “Nzovunagura amahembe y’abanyakibi bose,

ariko amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru.”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.