Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 65
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi. Ni indirimbo.
Mana yacu, ubereye amashimwe uri i Siyoni;
tuzoshitsa ivyo twagusezeraniye.
Wewe wishura amasengesho,
abantu bose bazoza kuri wewe.
Aho twari turengewe n’ivyaha vyacu,
waduhariye ibigabitanyo vyacu.
Hahiriwe abantu utoranya
ukabiyegereza ngo babe mu rugo rw’Ingoro yawe.
Duhagijwe n’ivyiza vyo mu nzu yawe,
vyo mu Ngoro yawe yera.
Utwirura mu bikorwa biteye ubwoba vyo kugororoka,
Mana Mukiza wacu,
wewe vyizigiro vyo ku mpera z’isi zose
n’ivy’ibiyaga vya kure,
waremesheje imisozi ubushobozi bwawe,
wambaye inkomezi,
wewe wahojeje ukubomborana kw’ibiyaga,
ugusuriranya kw’imipfunda yavyo,
n’urwamo rw’amahanga.
Isi yose irahinda agashitsi kubera ibitangaza vyawe;
bituma umutwenzi utambika, ahandi bukira,
ugahamagara indirimbo z’umunezero.
Witwararika isi ukayivomerera;
ukayuzuzamwo ubutunzi bwinshi.
Imigezi y’Imana yuzuye amazi
ngo uhe abantu ivyimburwa vy’ibinyantete,
kuko ariko wabitegetse.
Wuzuza imivo yayo ukamenagura ibinonko;
uyibombekesha imvura ugaha umugisha ivyimburwa vyayo.
Umwaka uwambika urugori ukoresheje ivyimburwa,
aho uciye haba ubutunzi bwinshi.
Imisozi yumye yo mu bugaragwa yambaye ivyimburwa;
uturambi watwambitse umunezero.
Imirambi yuzuyeko imikuku
n’ibiyaya vyuzuyemwo ingano;
bivuza impundu y’umunezero bikaririmba.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.