Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 64

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

Mana yanje, urumva ijwi ryanje ninagutakambira;

ukingire ubuzima bwanje kuko umwansi anteye ubwoba.

Mpisha unkize inama z’abanyakibi,

unkize imigabo mibi y’inkozi z’ikibi.

Bakarisha indimi zabo nk’inkota

batumbereza amajambo yabo mabi nk’imyampi yica.

Barasa uwutagira icaha bamwibundiye;

bamutera atiteguye, badatinya.

Baterana intege mu migambi yabo mibi,

bakavugana ivy’imitego yo mu mpisho;

bakavuga bati: “Ni nde abibona?”

Baja inama zo kurenganya abandi bakavuga bati:

“Twagize umugambi mwiza!”

Ni ukuri umutima w’umuntu uri n’ubugunge.

Ariko Imana izobarasisha imyampi yayo;

bazokubitwa hasi giturumbuka.

Azobasubiza ku mitwe amajambo yabo mabi

abashitseko uguhona;

abazobabona bose bazobazunguriza imitwe babacokora.

Abantu bose bazotinya;

bazokwamamaza ibikorwa vy’Imana

batahure ivyo yakoze.

Umugororotsi azonezererwa Uhoraho

amuhungireko;

abatunganye mu mitima bose bazomunezerererwa!

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.