Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 62
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.
Ni ukuri umutima wanje uruhukira mu Mana;
agakiza kanje kava kuri yo.
Ni ukuri ni yo gitandara canje n’agakiza kanje:
ni yo gihome kinkingira, sinzokwigera nyiganyizwa.
Muzogeza hehe kuntera?
Mbega mwese mugomba kuntsinda hasi;
nk’urusika ruhengamye, canke uruhome ruhomvokeye hasi?
Ni ukuri bagira inama yo kuntembagaza ngo bankure
ku ntebe yanje iri hejuru,
bahimbarwa n’ibinyoma.
Bahezagirisha akanwa kabo,
ariko mu mitima yabo bakavuma.
Ego cane, mutima wanje, ruhukira mu Mana;
ivyizigiro vyanje biva kuri yo.
Ni ukuri ni we gitandara canje n’agakiza kanje;
ni we gihome kinkingira, sinzonyiganyizwa.
Agakiza kanje n’icubahiro canje kiva ku Mana;
ni we gitandara canje gikomeye, ni ubuhungiro bwanje.
Muze muhore mu mwizigira ibihe vyose, yemwe bantu;
mumugaragarize imitima yanyu,
kuko Imana ari yo buhungiro bwacu.
Ni ukuri abantu bose ni nk’impwemu zihumetswe gusa,
abakuru n’abato ni ubusa gusa.
Iyo bagezwe ku munzane, basangwa ari ubusa;
bose hamwe ni impwemu zihumetswe gusa.
Ntimwishimire uguhahaza
canke ngo ivyizigiro vyanyu mubishire ku vyasahuwe;
naho ubutunzi bwanyu bwokongerekana,
ntimubushireko umutima.
Imana yavuze kimwe,
nanje numva bibiri:
Ubushobozi ni ubwawe, Mana,
kandi urukundo rudashira, ewe Mana, ruri kumwe nawe;
kandi, ugerera umuntu wese
ibikwiranye n’ivyo yakoze.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.