Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 61
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Bavugira inanga. Ni iya Dawidi.
Niwumve ukurira kwanje;
umva ugusenga kwanje.
Ndagutakambira ndi ku mpera z’isi,
ndagutabaza kuko umutima wanje unkabiraniyemwo;
undongorere ku gitandara kirekire kinsumba.
Wamye uri ubuhungiro bwanje,
umunara ukomeye unkingira abansi.
Ndipfuza kuba mw’ihema ryawe ibihe vyose
ngahungira mu bwihisho bw’amababa yawe.
Kuko wewe, Mana, wumvise ivyo narahiye;
wampaye umugabane w’abubaha izina ryawe.
Gwiza imisi yo kubaho kw’umwami,
imyaka yiwe uko urunganwe rukurikirana n’urundi.
Niyimikirwe mu nyonga z’Imana ibihe vyose;
utume urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe ngo bimuzigame.
Maze nanje nzoririmba ishimwe ry’izina ryawe
nshitse n’ivyo narahiye umusi ku wundi.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.