Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 51:10

Verse 10 is marked below, with the whole chapter around it. Read from the start

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi. Igihe uwavugishwa n’Imana Natani yaza kuri we inyuma yaho Dawidi asambanye na Batisheba.

Ngirira imbabazi, ewe Mana

kubera urukundo rwawe rudashira;

kubera impuhwe zawe nyinshi

nufute ibigabitanyo vyanje.

Nyoza ukugabitanya kwanje kwose

unyoze icaha canje.

Kuko ndazi ibigabitanyo vyanje,

kandi icaha canje cama imbere yanje

Nacumuye kuri wewe, wewe wenyene,

nakoze ibibi mu nyonga hawe;

ari na co gituma uvuga ukuri mu manza uca

kandi ata co ugawa iyo uciye urubanza.

Ni ukuri navukiye mu vyaha,

ndi umunyavyaha kuva mama akinsama inda.

Ariko washatse ko mba umwizigirwa n’igihe nari mu nda;

wanyigishije ubwenge nkiri aho hantu hihishije.

Unyogeshe ezobu, nanje ndahumanuka;

unyoze, nanje ndera derere kurusha shelegi.

Umpe kwumva umunezero n’agahimbare;

amagufa wavunaguye anezerwe.

Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje

uhanagure ukugabitanya kwanje.

Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,

umpe umutima ushikamye.

Ntunyirukane mu nyonga hawe

canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.

Nsubiza umunezero w’agakiza kawe

umpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.

Ni ho nzokwigisha inzira zawe abagucumurako,

kugira ngo abanyavyaha baguhindukirire.

Mbohora unkureko urubanza rw’amaraso, ewe Mana,

wewe Mana Mukiza wanje,

maze ururimi rwanje ruzoririmba ivyo kugororoka kwawe.

Ugurura iminwa yanje, ewe Mana,

maze akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe.

Ntuhimbarwa n’ibimazi, iyo biba gutyo mba ndabikuzaniye,

amashikanwa aturiwe si yo unezerererwa.

Ikimazi ngushikaniye, Mana, ni umutima umenetse;

umutima umenetse kandi ujanjaguritse

wewe, Mana, ntuzowukengera.

Nibiguhimbare ugirire neza Siyoni,

wubake inzitiro z’i Yerusalemu.

Ni ho uzonezerererwa ibimazi vyo kugororoka,

amashikanwa aturiwe atagabanije;

n’amapfizi azotangwa ku gicaniro cawe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.