Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 5
Yahawe umukuru w’abacuraranzi bakoresha imyironge. Ni Zaburi ya Dawidi.
Niwumvirize amajambo yanje, ewe Uhoraho,
witeho ugucura intimba kwanje.
Wumve ugutaka kwanje untabare,
Mwami wanje kandi Mana yanje,
kuko ari wewe nsenga.
Mu gitondo wumve ijwi ryanje;
mu gitondo nzana imbere yawe ivyo ngusaba
nkarindira niteze inyishu yawe.
Nturi Imana ihimbarwa n’ikibi;
kandi abanyakibi nta kibanza bafise imbere yawe.
Abibone ntibazohagarara
imbere y’inyonga zawe.
Wanka abakora ibibi bose;
uherengeteza abavuga ibinyoma bose.
Abasesa amaraso n’ingunge
Wewe, Uhoraho, ubanka urunuka.
Ariko jewe, ku bw’urukundo rwawe rwinshi,
ndashobora kuza mu Ngoro yawe;
nkunama nubashe,
ntumbereye urusengero rwawe rwera.
Ndongorera mu kugororoka kwawe, ewe Uhoraho,
kuko mfise abansi.
Utumbereze inzira yawe imbere yanje.
Nta kuri kuva mu kanwa kabo;
umutima wabo wuzuyemwo ubugunge,
umuhogo wabo ni nk’imva irangaye;
indimi zabo bazivugisha ibinyoma.
Bamenyeshe ko batsinzwe, ewe Mana!
Ubugunge bwabo nibubabere umutego.
Ubirukane kubera ivyaha vyabo vyinshi,
kuko bakugararije.
Ariko abaguhungiyeko bose banezerwe;
baririmbishwe n’umunezero ibihe bidashira.
Bapfuke ubakingire,
kugira ngo abakunda izina ryawe bakunezerererwe.
Ni ukuri, ewe Uhoraho, ni wewe uhezagira abagororotsi;
ubakikiza ukugira neza kwawe nk’inkinzo.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.