Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 4
Yahawe umukuru w’abacuraranzi b’ibicurarangisho vy’imirya. Ni Zaburi ya Dawidi.
Uze unyishure ninakwambaza,
Mana yanje igororotse.
Unkure mu magorwa;
ngutere ikigongwe, wumve ugusenga kwanje.
Muzogeza ryari ga mwa bantu guhindura icubahiro canje ibiteterwe?
Muzogeza ryari gukunda ibitagira ikimazi no kurondera imana z’ibinyoma?
Mumenye ko Uhoraho yirobanuriye umusavyi wiwe w’umwizigirwa;
Uhoraho aranyumva iyo ndamutakambiye.
Nimuhinde agashitsi ntimukore icaha;
muri ku buriri bwanyu,
nimusuzume imitima yanyu mucereje.
Nimutange ibimazi vy’abagororotsi
kandi mwizigire Uhoraho.
Ewe Uhoraho, benshi barabaza bati: “Ni nde azotuma tugira amahirwe?”
Umuco wo mu nyonga zawe nuturasire.
Wuzuza umutima wanje umunezero
uruta uwo bagira mu gihe c’umusesekara w’ingano n’umuvinyu.
Nzoryama mu mahoro nsinzire,
kuko wewe wenyene, Uhoraho,
ari wewe umpa kuba mu mutekano.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.