Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 39

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.

Naravuze nti: “Nzocungera inzira zanje

ndinde ururimi rwanje icaha;

nzoshira umurinzi ku munwa wanje

ndi imbere y’umunyakibi.”

Ni co gituma nagumye mu gacerere,

ata n’iciza mvuga.

Ariko umubabaro wanje warongerekana;

umutima wanje waranshongeramwo.

Nkiriko ndavyiyumvira, umuriro waraka;

maze mvugisha ururimi rwanje nti:

“Uhoraho, nyereka iherezo ry’ubuzima bwanje

n’igitigiri c’imisi yanje;

umpe kumenya ko ubuzima bwanje bumara akanya gato.

Wahinduye imisi y’ukubaho kwanje uyinganya n’ikiganza gusa;

ikiringo c’imyaka yanje ni nk’aho ari ubusa kuri wewe.

Umuntu wese ni nk’impwemu zihumetswe gusa,

no ku baboneka ko bakingiwe.

Ni ivy’ukuri umuntu wese agenda nk’igitutu gusa;

birukira ubusa, barondera ubutunzi

batazi uwuzobutahira kw’iherezo.

Ariko noneho ubu ndondera iki, ewe Mana?

Ivyizigiro vyanje biri muri wewe.

Nkiza ibigabitanyo vyanje vyose;

ntumpindure agatwengo k’ibipfu.

Nari ncereje; sinakurako umunwa,

kuko ari wewe wakoze ivyo.

Nkurako ikimoko cawe;

kuko nseserejwe cane n’inkoni zawe.

Iyo uhanye ugakubita abantu kubera icaha cabo,

urya ubutunzi bwiwe nk’umuswa;

ni ukuri bose ni impwemu zihumetswe gusa.

Niwumve ugusenga kwanje, ewe Uhoraho,

wumvirize ugutakamba kwanje;

ntiwizibe amatwi ngo woye kwumva amarira yanje.

Mbana nawe nk’umunyamahanga,

nk’injabuka, nk’uko ba sogokuru banje bari bari.

Raba hirya, kugira ngo nsubire kunezererwa ubuzima

ntaragenda ngo sinze nongere kubaho.”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.