Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 38
Ni Zaburi ya Dawidi. Ni isengesho.
Uhoraho, ntumpanane ishavu
canke ngo unkubitane uburake.
Imyampi yawe irantobekeranije,
kandi ukuboko kwawe kwaramanukiye.
Muri jewe nta hazima kubera uburake bwawe;
no mu magufa yanje sinikoma kubera icaha canje.
Ukugabitanya kwanje kurandengeye
kwabaye nk’umuzigo ntashobora kwikorera.
Ibikomere vyanje birasebuye kandi biranuka
kubera ivyaha vyanje vy’ubupfu.
Ncishijwe bugufi cane ndahetamye;
ngenda ngandaye bukarinda bwira.
Umugongo wanje wuzuye ububabare bwinshi;
nta na hamwe nikoma.
Mfise intege nke, ndavunaguritse;
ngenda ngandaye mu mutima.
Ivyo nipfuza vyose biri imbere yawe, ewe Mana;
ukuniha kwanje ntuguhishijwe.
Umutima wanje urahagaze, ncitse intege;
mbere n’amaso yanje ntagira umuco.
Abagenzi banje n’abo twagendana bampevye kubera ibikomere vyanje;
ababanyi banje bahagarara kure yanje.
Abagomba kunyica banteze imitego,
abagomba kungirira nabi bangira inama yo kunyica;
bavugana ibinyoma umusi wose bukarinda bwira.
Meze nk’igipfamatwi, kidashobora kwumva,
nk’ikiragi, kidashobora kuvuga;
nabaye nk’uwutumva,
uwo akanwa kiwe kadashobora kwishura.
Uhoraho we, ni wewe ndindiriye;
uzokwishura, Mwami Imana yanje.
Kuko navuze nti: “Ntubareke ngo banyitambe ku muvyimba
canke ngo banezerwe ninagwa hasi.”
Kuko ngira ngwe hasi,
kandi umubabaro wanje ugumana nanje na ntaryo.
Ndatuye ukugabitanya kwanje;
mbujijwe amahoro n’icaha canje.
Benshi bahindutse abansi banje ata nyanduruko;
abanyanka ata nyanduruko babaye benshi.
Abanyishura ibibi ku vyiza nabagiriye
bazanye ibirego bandega,
naho jewe ndazwa ishinga no gukora ivyiza gusa.
Uhoraho ntumpebe;
ntube kure yanje, Mana yanje.
Tebuka untabare,
Mwami wanje kandi Mukiza wanje.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.