Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 130

Ni indirimbo yo mw’iduga.

Uhoraho ndagutakambira, bivuye i bwina;

Niwumve ijwi ryanje, ewe Mana.

Utege amatwi

ukwinginga kwanje.

Iyaba wama wibuka ivyaha, ewe Uhoraho,

ni nde yohagarara?

Ariko ufise uguharira hafi yawe,

kugira ngo dushobore kugukorera, tukwubashe.

Niteze Uhoraho, ubugingo bwanje bwose buramwiteze

kandi ivyizigiro vyanje biri kw’ijambo ryiwe.

Niteze Imana

kurusha uko abararirizi barindira ko buca,

kurusha uko abararirizi barorera ko buca.

Ewe Isirayeli, niwizigire Uhoraho,

kuko hafi yiwe ari ho urukundo rudashira ruri

n’ugucungurwa gushitse.

Ni we ubwiwe azokwicungurira Abisirayeli

abakure mu vyaha vyabo.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.