Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 129
Ni indirimbo yo mw’iduga.
“Barangwanije cane kuva nkiri muto.”
Abisirayeli nibavuge batyo:
“Barangwanije cane kuva mu buto bwanje,
ariko ntibanesheje.
Abarimyi barimye ku mugongo wanje
bahaciye imirongo miremire.
Ariko Uhoraho aragororotse;
yacagaguye imigozi y’abanyakibi.”
Icompa abanka Siyoni bose
bagasubira inyuma bamaramaye.
Icompa bakamera nk’ivyatsi vyameze ku nzu,
vyuma bitarakura;
umwimbuzi ntashobora kuvyuzuza ibiganza vyiwe,
canke uwegeranya ngo aronke ivyo guteruza amaboko;
Icompa ababarengana ntibababwire bati:
“Umugisha w’Uhoraho ubane na we;
tubahezagiye mw’izina ry’Uhoraho.”
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.