Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 101
Ni iya Dawidi. Ni Zaburi.
Nzoririmba ivy’urukundo rwawe n’uguca imanza zibereye;
Uhoraho, nzokuririmbira ishimwe.
Nzokwitondera kugenda ntunganye;
mbega uzoza iwanje ryari?
Nzotunganya ivyo mu rugo rwanje
mfise umutima utunganye.
Sinzokwigera nshima
ikintu na kimwe kibi.
Nanka ivyo abatizera bakora;
sinzokwigera nifatanya na vyo.
Abanduye mu mitima bazoba kure yanje;
sinzokwifatanya n’ikintu na kimwe kibi.
Uwuvuga nabi mugenziwe wese mu mpisho,
nzomuzibiza;
uwufise amaso y’ubwibone n’umutima wishira hejuru,
sinzomwihanganira.
Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu,
kugira ngo babane nanje;
uwugenda atunganye
ni we azonkorera.
Nta n’umwe mu bakora ivy’ubugunge
azoba mu nzu yanje;
nta n’umwe avuga ibinyoma
azohagarara imbere yanje.
Uko bukeye nzokwama nziba akanwa
k’abanyakibi bose bo mu gihugu;
nzoherengeteza abakora ibibi bose
bave mu gisagara c’Uhoraho.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.