Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yona 3

Yona aja i Ninewe

Hanyuma Uhoraho yongera kubwira Yona ubugira kabiri, ati: “Va hasi uje muri ca gisagara kinini Ninewe ukimenyeshe bwa butumwa nakubwira.”

Yona aca yumvira ijambo ry’Imana aja i Ninewe. Ninewe cari igisagara kinini ku buryo vyafata imisi itatu kugira ngo umuntu ashobore kugicamwo cose. Nuko Yona amara umusi umwe agendagenda muri ico gisagara asemerera n’ijwi rirenga ati: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe hagahona.” Maze abantu b’i Ninewe bizera ubwo butumwa bw’Imana, baca bashinga ko haba ukwisonzesha kandi uhereye ku mukuru ugashika ku muntu mutoya, bambara amagunira.

Ayo majambo ya Yona ashikiriye umwami w’i Ninewe na we aca arahaguruka ava ku ntebe y’ubwami, yambura impuzu z’ubwami, yambara igunira, yongera yicara mu mukungugu. Aca atanga itegeko i Ninewe rivuga riti:

“Itegeko ry’umwami n’abaganwa biwe:

Ntihagire abantu canke ibikoko, amasho n’imikuku bigira ico bikoza ku munwa, ntibigire ico birya canke binywa. Abantu nibambare amagunira mbere n’ibikoko babiyapfuke, hanyuma abantu batakambire Imana binginga, kandi umuntu wese ave mu nzira z’ibibi, bahagarike n’umuryano uri hagati yabo. Nta wubizi! Hari n’aho Imana yokwisubirako ikigarura, ikareka ugushangashirwa kwayo, maze ntiduhonye.”

Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye bakava mu nzira zabo mbi, maze irigarura ntiyabahanisha igihano yari yabateguriye.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.