Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yona 2

Nuko Yona asenga Uhoraho Imana yiwe ari mu nda y’urwo rufi. Avuga ati:

“Natakambiye Uhoraho ndi mu vyago bikomeye,

na we aranyishura.

Ndi mu kibanza c’abapfuye, naratakamvye ngo untabare,

nawe wumvise ijwi ryanje.

Wantereye kure cane mu kuzimu,

kure cane mu mutima w’ikiyaga;

imikuba ikomeye yaranzungurutse,

imipfunda n’ugusuriranya kw’amazi vyawe

vyarandengeye.

Ndavuga nti: ‘Noneho nkuwe

imbere y’amaso yawe.

Ariko nzosubira nihweze

urusengero rwawe rwera.’

Amazi yarandengeye agomba kunyica,

i bwina mu mazi haranzunguruka;

ivyatsi vyo mu kiyaga binyizingira ku mutwe.

Naranyitse nshikira intango y’imisozi,

aho isi yanyugaraniye ubutakivayo.

Ariko wewe, Uhoraho Mana yanje,

waduganye ubuzima bwanje ubukuye mu cobo.

Igihe ubuzima bwanje bwariko burakabirana,

nibutse wewe Uhoraho,

ugusenga kwanje kuraduga kuragushikira,

mu rusengero rwawe rwera.

Abashira umutima ku bigirwamana bitagira ikimazi,

batera umugongo urukundo Imana ibakunda.

Ariko jewe, nzogushikanira ikimazi

nshize hejuru ijwi ryo kugushimira.

Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye,

kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho.”

Maze Uhoraho ategeka urwo rufi, na rwo rudahwa Yona ku nkengera y’ikiyaga.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.