Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yesaya 21

Imburi kuri Babiloni

Imburi ku bugaragwa bwo ku kiyaga.

Nk’uko agashururu ko mu gihugu co mu bumanuko gasuriranya,

ni ko uwuguteye aje azananye mu bugaragwa,

avuye mu gihugu giteye ubwoba.

Neretswe ibintu biteye ubwoba:

Umuhemu ariko arahemuka, umunyazi ariko aranyaga.

Ewe Elamu, tera! Nawe Medi, ugariza!

Nzorangiza amaborogo yose Babiloni hahora hateza.

Ncitse intege kubera ububabare.

Uburibwe bumfashe nk’umuvyeyi ari ku bise.

Njugumijwe n’ivyo numvise,

ivyo mbonye bimpumye amaso.

Umutima wanje urasimbagurika,

ubwoba butumye njugumira.

Umugoroba nari nipfuje ko ushika

unteye guhinda agashitsi.

Bateguye imeza,

basasa ibirago,

bararya, baranywa!

Nimuhaguruke mwa ntwazangabo mwe,

musige amavuta inkinzo zanyu.

Kuko Uhoraho yambwiye ati:

“Genda ushireho umuteramyi,

na we aje arakubwira ivyo abona.

Niyabona imikogote iri kumwe n’amafarasi,

canke akabona abagendera ku ndogoba,

canke abagendera ku ngamiya,

yitegereze cane

kandi akobeje.”

Maze wa muteramyi arasemerera ati:

“Mwami, imisi yose nama mpagaze ku munara.

Amajoro yose mba ndi ku kirindiro canje.

None raba haje umugabo ari ku mukogote,

ari kumwe n’umugwi w’amafarasi.

Wa muteramyi arongera avuga ati:

‘Babiloni harasenyutse, harasenyutse!

Ibibumbano vy’ibigirwamana vyabo vyose

bisenyukiye hasi biramenaguritse.’ ”

Mwa bantu banje,

musekuriwe ku mbuga nk’ingano,

ndababwiye ivyo numvanye Uhoraho Mushoboravyose,

ivyo nakuye ku Mana ya Isirayeli.

Imburi kuri Edomu

Imburi kuri Duma.

Hari uwumpamagaye ari i Seyiri,

ambaza ati: “Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?

Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?”

Umuteramyi yishura ati:

“Bugira buce, ariko buca bwongera bwire.

Nimba ugomba gusubira kumbaza,

uze kugaruka umbaze.”

Imburi kuri Arabiya

Imburi kuri Arabiya:

Yemwe mwa ngenzi z’i Dedani mwe,

nimwinyegeze mu bugaragwa bwa Arabiya,

Yemwe ababa i Tema,

nimuzanire amazi abanyotewe,

abahunga nimubasanganize ivyokurya.

Bariko barahunga inkota

kuko yakuwe mu rwubati,

n’imiheto ikaba yafowe,

batewe ubwoba n’intambara.

Uku ni ko Uhoraho yambwiye: “Mu mwaka umwe, nk’uko umukozi akorera impembo ku kwezi awuharura, icubahiro c’i Kedari kizorangira. Abarashi b’intwari bake ni bo bazosigara i Kedari.” Uko ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.