Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Yesaya 20
Imburi kuri Egiputa na Etiyopiya
Mu mwaka kizigenza mu ntwaramiheto yarungikwa na Sarugoni, umwami wa Ashuri, gutera muri Ashidodi akahafata, ni ho Uhoraho yavugisha Yesaya mwene Amozi, amubwira ati: “Niwambure ayo magunira, ukure n’ibirato wambaye.” Na we abigenza gutyo, maze agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye.
Nuko Uhoraho aravuga ati: “Nk’uko umusavyi wanje Yesaya amaze imyaka itatu agenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, akabera Abanyegiputa n’Abanyetiyopiya imburi, ni ko umwami wa Ashuri azotwara Abanyegiputa nk’abanyagano, n’Abanyetiyopiya nk’imbohe, bari gusa, batambaye n’ibirato, ata co bakenyeye, kugira ngo Egiputa hamaramare. Kandi abari bizigiye Etiyopiya, bakishimira Egiputa, bazotinya, baterwe n’isoni. Kuri uwo musi, ababa muri iki kiyaya cegereye ikiyaga bazovuga bati: ‘Nimurabe ivyashikiye abo twari twishimiye, abo twari twahungiyeko ngo badukize umwami wa Ashuri. Mbega none tumukira gute?’ ”
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.