Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zakariya 13
Ukwozwa ivyaha
“Kuri uwo musi iriba rizotoborerwa abo mu nzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu, kugira ngo ruboze icaha n’ubuhumane.
Kuri uwo musi, nzozimanganya abasenga ibigirwamana mu gihugu, ku buryo n’amazina yavyo atazosubira kwibukwa,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Nzokuraho ba kamenyi n’impwemu ihumanya mu gihugu. Kandi nihagira n’umuntu n’umwe yongera kuvugishwa, se na nyina bamwivyariye, bazomubwira bati: ‘Ntugenda udapfuye, kuko wavuze ibinyoma mw’izina ry’Uhoraho.’ Maze abavyeyi biwe bwite ni bo bazomusogota.
Kuri uwo musi umuntu wese avugishwa azogira isoni zo kuvuga ko yeretswe. Kandi ntibazosubira kwambara impuzu zibaranga nk’abavugishwa kugira ngo babeshe abantu. Umwe wese azovuga ati: ‘Sindi umuvugishwa. Ndi umurimyi; mbeshejweho n’ukurima isi kuva mu buto bwanje.’ Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo bikomere ku mubiri wawe vyavuye kuki?’ bazomwishura bati: ‘Ni ivyo nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje.’
Umwungere akubiswe, intama zirasanzara
Vyuka, yewe wa nkota, ukubite umwungere wanje,
ukubite urya muntu ari hafi yanje,”
ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
“Kubita umwungere,
intama zisanzare,
nanje nzohindukiriza ukuboko kwanje kugwanya imyagazi.
Mu gihugu cose, ni ko Uhoraho avuze,
babiri kuri batatu bazokwicwa;
umwe muri batatu ni we azosigara.
Abo bazoba basigaye, ni bo nzocisha mu muriro;
nzobamara inkamba nk’ifeza
ndabagerageze nk’inzahabu.
Bazokwambaza izina ryanje
nanje nzobishura;
nzovuga nti: ‘Ni abantu banje,’
na bo bazovuga bati: ‘Uhoraho ni we Mana yacu.’ ”
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.