Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Indirimbo 3
Mw’ijoro ndi ku buriri bwanje
narondeye uwo umutima wanje ukunda;
naramurondeye sinamuronka.
Ngira mvyuke ubu nyene nzunguruke mu gisagara,
mu mabarabara yaco no mu bibuga vyaco;
ndondere uwo umutima wanje ukunda.
Maze ndamurondera ariko ndamubura.
Abarinzi barinda igisagara barambona
aho bariko barazunguruka igisagara.
“Mwamboneye uwo umutima wanje ukunda?”
Nkibarengana
ni ho nabona uwo umutima wanje ukunda.
Ndamufata kandi nanka kumurekura
gushika aho namushikanye mu nzu ya mama,
mu cumba c’uwanyibungenze.
Bakobwa b’i Yerusalemu ndabihanikirije,
ingeregere n’impongokazi vyo mw’ishamba vyumva:
Ntimukome urukundo canke ngo murukangure,
gushika rwishakiye kuvyuka.
Ni nde aje avuye mu bugaragwa
ameze nk’inkingi y’umwotsi,
yisize ibimota neza
vyakozwe mu bimota vyose vy’abadandaza?
Raba! Ni umukogote wa Salomo,
ukikijwe n’abagwanyi mirongo itandatu,
b’intore zo mu Bisirayeli,
bose bambaye inkota,
kandi bamenyereye kugwana,
umwe wese yambaye inkota yiwe kw’itako,
biteguye kugwanya ibiteye ubwoba vyo mw’ijoro.
Umwami Salomo yikoreye umukogote;
yawukoze mu biti vy’i Libani.
Ufise inkingi z’ifeza,
umushinge wawo ni uw’inzahabu.
Intebe yawo yasa n’agahama,
imbere muri wo hashazishijwe urukundo n’abakobwa b’i Yerusalemu.
Nimusohoke, yemwe bakobwa b’i Siyoni,
murabe umwami Salomo yambaye urugori,
urwo nyina yamwambitse
ku musi w’ubukwe bwiwe,
ku musi umutima wiwe wanezerwa.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.