Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 67
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Icurarangishwa ibicurarangisho vy’imirya. Ni Zaburi, kandi ni indirimbo.
Ese Imana, yotugirira ubuntu ikaduhezagira,
mu nyonga hayo tukaboneka dufise igikundiro;
kugira ngo inzira zawe zimenyekane kw’isi,
n’agakiza kawe kamenyekane mu mahanga yose.
Amoko naguhimbaze, ewe Mana;
amoko yose naguhimbaze.
Ese amahanga yose yonezerwa akavuza impundu z’umunezero,
kuko urongora abantu bose mu bugororotsi
ukarongora amahanga yose yo kw’isi.
Amoko naguhimbaze, ewe Mana;
amoko yose naguhimbaze.
Isi yimbuka ivyimburwa vyayo;
ewe Mana, Mana yacu, duhe umugisha.
Ese Imana yoduha umugisha,
kugira ngo abo ku mpera z’isi bose baze bayubahe.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.