Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 34:18
Verse 18 is marked below, with the whole chapter around it. Read from the start
Ni iya Dawidi. Igihe yihindura umusazi imbere ya Abimeleki, agaca amwirukana, na we agaca agenda.
Nzokwama nshima Uhoraho ibihe vyose;
ishimwe ryiwe rizokwama ku minwa yanje ubudasiba.
Nzokwirata Uhoraho;
abaciye bugufi nibavyumve banezerwe.
Nimumfashe dushime Uhoraho;
nimuze dufatanye gushira hejuru izina ryiwe.
Narondeye Uhoraho, na we aranyishura;
ankiza ubwoba bwose nari mfise.
Abamuravye bose barakayangana;
mu maso habo ntihazokwigera hamaramara.
Uwu mugorwa yarambaje, Uhoraho aramwumva;
amukiza amarushwa yiwe yose.
Umumarayika w’Uhoraho acumbitse
hirya no hino y’abamwubaha, akabakiza.
Nimwumvirize mumenye ko Uhoraho ari mwiza;
hahiriwe uwumuhungirako.
Nimwubahe Uhoraho, yemwe abera biwe,
kuko abamwubaha batazogira ico bakena.
Intambwe zocika intege zigasonza,
ariko abarondera Uhoraho ntibazokena iciza na kimwe.
Nimuze bana banje, munyumvirize;
nanje ndabigishe ukwubaha Uhoraho.
Umuntu wese akunda ubugingo
akipfuza kubona imisi myiza myinshi,
aze arinde ururimi rwiwe ikibi
n’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.
Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;
rondera amahoro uyakurikire.
Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi,
kandi amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo;
ariko igitsure ciwe kiri ku bakora ibibi,
ngo aherengeteze ukwibukwa kwabo kw’isi.
Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva;
abakiza amarushwa yabo yose.
Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetse
kandi akiza abajanjaguritse imitima.
Amarushwa y’umugororotsi ashobora kuba menshi,
ariko Uhoraho ayamukiza yose;
azigama amagufa yiwe,
nta na rimwe rizovunika.
Ikibi kizokwica umunyakibi;
abagwanya umugororotsi bazotsindwa n’urubanza.
Uhoraho azokiza abasavyi biwe;
nta n’umwe mu bamuhungirako azotsindwa n’urubanza.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.