Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 2

Ni kuki amahanga ateye umuvurungano

n’amoko akagira inama z’ubusa?

Abami bo mw’isi bahagurutse

n’abatware bagiye hamwe

ngo bagwanye Uhoraho n’uwo yarobanuje amavuta, bavuga bati:

“Nimuze ducagagure ivyo batubohesheje,

twiyambure iminyororo yabo.”

Umwe ari ku ntebe y’ubwami mw’ijuru aritwengera;

Uhoraho abatwengera mw’ijigo.

Abakankamirana uburake bwiwe,

akabatera ubwoba mu bushangashirwe bwiwe, ati:

“Niyimikiye umwami wanje

i Siyoni, umusozi wanje wera.”

Ndavuga ivyo Uhoraho yashinze.

Yambwiye ati: “Uri umwana wanje;

uwu musi ndakuvyaye.

Nsaba,

nanje nzohindura amahanga umugabane wawe,

n’impera z’isi zibe inyegu yawe.

Uzoyamenaguza inkoni y’icuma;

uyagire ubunywenywe nk’inkono y’ibumba.”

Nuko rero, yemwe bami nimuce ubwenge;

mwemere kuburirwa, yemwe batware bo kw’isi.

Mukorere Uhoraho muhinda agashitsi,

munezerererwe ibikorwa vyiwe muhinda agashitsi.

Nimuce bugufi imbere y’uwo mwana kugira ngo ntarake

maze mugahonera mu nzira,

kuko uburake bwiwe buduga mu kanya isase.

Hahiriwe abamuhungirako bose.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.